Tanzania : Abantu 2 nibo bamaze kumenyekana ko basize ubuzima mu gitero cakozwe n’abasirikare ba Tanzaniya mw’ikambi ya Nyarugusu .

Vyose vyatanguye mu gatondo ko kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 29 ukwezi kwa 4 umwaka 2025,aho mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya,haba igitero kidasanzwe cakozwe n’abasirikare bico gihugu barikumwe n’abasungusungu mugusahura amabotike y’impunzi .
Cari igitero kidasanzwe, cahavuye gihitana ubuzima bw’abantu 2 nayo abashika kw’10 bakaba bakomeretse cane mbere babiri muribo bakaba bamaze gushikanwa mu kibanza c’indembe murivyo bitaro ,Isoko ryacu rikaba ryabwiye uruganda rwa radio Peace fm ijwi ry’urwaruka ko amahirwe yo gukira atari ikirenga.
Umwe murabo bishwe ,yari umu Tanzaniya yariko arirenganira akaba yaciye araswa n’abasirikare munda,ikiziga ciwe kikaba caciye gikurwa mwikambi gitwarwa n’abo basirikare inyuma yo kumenya ko atari impunzi bishe ,inyuma hakaba harashwe impunzi yariko iriruka ihungishiriza abana mw’izoni y’icenda kuko vyari vyatanguriye mw’izoni ya Cumi .
Neza na neza iki gitero cahereye mw’izoni ya 10 kirongowe nuwusanzwe azwi ku mazina ya Rasi amenyerewe cane nk’igikoresho cifashishwa na Reta y’uburundi iciye kuri reta ya Tanzania mu gutoteza impunzi zahunze kuva mu mwaka 2015 bazirako aribo bahungabanije umutekano mukugumura abandi .
Mugihe yaraherekejwe n’igipolisi ,baciye batangura kwirukana abariko baradandaza mu mabotike yo muriyo zone ariko guca birara murayo mabutike batangura gusahura amafaranga, ibitenge ,amafu ,imiceri n’ibindi bidandazwa bakira batwara ,ni mugihe banyiravyo bari bamaze gushwiragizwa n’ico gipolisi.
Hatarahera n’iminota nk’icumi ,izindi mpunzi zahagurukiye rimwe zihereza amabarabara ,baturira ivyatsi mu mayira n’utuzu tw’abasungusungu basanzwe bajejwe gucungera umutekano w’ikambi turasamburwa .
Inyuma yaho igipolisi catanguye kurasa ivyuka bikoroza amasozi ,ivyahavuye biba nko gukoza agati mu ntizi kuko impunzi zaciye zihaguruka zose atayisigaye inyuma ariko guca hatangura kuraswa amasasu kandi hagati murizo mpunzi .
Uwa mbere yarashwe agakomeretswa, yari impunzi yarashwe mwitako ,aho ururasase rwatobekeranije amaguru yiwe abiri .
Uwakabiri ni Jeoshaphat yarashwe ku birenge vyose ukwari 2 mugihe yariko arotera akazuba ku bitaro yaramaze imisi agwariyeko muriyo kambi ,uwa gatatu yarashwe mu kiyunguyungu ,urusasu runamuheramwo ,abo bose uko ari 3 bakaba bari mu kibanza c’indembe murivyo bitaro bikukira ikambi ya Nyarugusu.
Inyuma yaho habandanije ubwoba budasanzwe impunzi zari zamaze gutimba niko guca haza igisirikare ca Tanzaniya gikomeye cane gikora iyo vyananiranye kizwi nka Fanya Fujo Uwone FFU, mu mpfunyapfunyo y’igiswahiri .
Impunzi ntizigeze zihagarika kwerekana agashavu naho zaguma ziterwa ubwoba ko bazirasa zose ,niko guca hibonekeza uwundi mugwi w’abantu bambaye umwambaro wa gisivire batanguye kuza banyuruza buri mpunzi iri ukwayonyene canke abakenyezi bari hamwe ,n’inyuma yo guhunga ikambi bakerekeza hanze y’ikambi bamwe bakaba bari basize bugaraniye abana mu mazu .
Akarorero ka hafi ni abakemyezi 3,abana 2 n’abasore 2 bose hamwe indwi bahavuye baburirwa irengero batwawe n’iyo miyabaga atawamenye abaribo inyuma yo gufatirwa hanze y’ikambi bariko baragerageza gutorokera mw’ikambi isanzwe ibamwo abanyekongo,nayo gushika ubu akaba atawuzi ikamanganiro ryabo
Si ubwa mbere amakambi yo mugihugu ca Tanzaniya aterwa abantu bakicwa ,abandi bagakomereka abandi nabo bakaburirwa irengero .Ivyo biruko mugihe reta ya Tanzania iri mu bihugu vyateye igikumu ku masezerano yo gukingira uburenganzira bw’impunzi yo mu mwaka 1951 I Genève mu gihugu c’ubusuisse.
Impunzi ziri mu makambi y’impunzi muri Tanzania zahora zigizwe n’amakambi 3 ariyo Nduta ,Mutendeli na Nyarugusu, gusa Mutenderi ikaba yahavuye yugarwa impunzi zariyo zishirwa mu makambi ya Nduta na Nyarugusu zose hamwe zikaba ari mpunzi zirenga 100.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.