Gitega_Mugera : Katorika isaba abarundi kutaryana kubera amatora ikavuga ko ifise n’impungenge.

Katorika yemezako irajwe ishinga n’uko amatora ashobora kubamwo impari bagasaba ko yoba ayigenga, akanabamwo umuco kandi yisanzuye, nkuko bivugwa na musenyeri Bonaventure Nahimana, umwungere mukuru wa diyoseze katorika ya Gitega hari ku wa kane. Wari umusi mukuru w’iyurizwa mw’ijuru rya Bikiramariya ku mutumba Mugera muriyo ntara.
Musenyeri Nahimana yahamagariye abanyagihugu b’Abarundi kwirinda gusotorana mu matora yimirije ya 2025 n’ubutumwa bubiba urwanko kandi bitabe amatora mu ntumbero yo "kuronka ivyo mwemerewe n’amategeko". Uwo mwungere yatangaje ko idini rya katorika rirajwe ishinga n’uko amatora yoba ku mugaragaro, adakumira umuntu n’umwe, kandi akaba mu bwisanzure.
Musenyeri mukuru wa Gitega yasavye umurwi ujejwe amatora, CENI, kwigenga.
Idini rya katorika mu Burundi rivuga ko ryatanguye guhimiriza abo rirongoye n’Abarundi kugira ngo amatora azobe arimwo ituze.
"Biciye mu nyigisho zo guhimiriza urwaruka mu madiyoseze yo mu gihugu cose, twaratanguye kubabwira ko bokwirinda gukumirana, kwigisha ukuri n’ubutungane, vyo rupfunguruzo rw’amahoro", ni ko yatangaje.
Indongozi z’Uburundi zihamagarirwa kwubahiriza agateka ka zina muntu cane cane mu gihe c’amatora yimirije.
"Ku ruhande rwayo, ishengero rya katorika mu Burundi ntirizohengeshanya kwibutsa Abarundi gushira imbere urukundo, amahoro, guhariranira, gusubiza hamwe no kugira ubumwe mu kibano".
Kuri uwu wa 15 Myandagaro, indongozi nyishi z’Uburundi harimwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza bari bashitse i Mugera. Ku ncuro ya mbere kuva ashikiriye ubutegetsi muri Ruheshi 2020 bivuye ku rupfu giturumbuka rw’uwo yasubiriye, Pierre Nkurunziza, Ndayishimiye ntiyafashe ijambo.
Sos M
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.