Ndayishimiye:Kwubaka ibitaro ,umunwa wose uronke ico ufungura ,umufuko wose uronke ifaranga twarabishitseko

Kuva mu mwaka w’I 2020 ,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agitorwa kimwe mu vyo yemereye abarundi harimwo ko mu gihe azoba akiri ku butegetsi,umunwa wose uzokwama uronka icurya kandi n’umufuko wose ukaronka amafaranga,kandi yaraye yemeje ko yabishitseko.
‘’Imana yaradufashije tubishikako naho bitari vyoroshe ,kandi muvyo twakoze harimwo no kwubakira ibitaro buri komine yose ,ndanaravye uko musa ndabona ko atarivyo vyonene twashitseko ‘’ Bishikirizwa na Ndayishimiye arongoye uburundi akaba yongeyeko muvyo yari yiyemeje harimwo ko umunwa wose uzoronka ico urya kandi muri buri mufuko hakabamwo amafaranga,ku bwiwe ijambo rirarema naho igihe yabivuva abenshi bakekerenya.
Umukuru w’igihugu arakebura abaganga batukisha igihugu bakirukira mu mahanga,hagufasha igihugu cabigishije.
Aha umukuru w’igihugu anegura abaganga kubona bahemukira igihugu cabigishije kuva mu mwaka wa mbere kugeza mu mashure ya kaminuza,”Birateye agahinda kubona twebwe turiko turiruka n’ukuntu twoteza imbere igihugu mubijanye n’amagara y’abantu,ariko bo bakadutera akagere muguca birukira hanze,nabo igihugu kizobatera akagere.” Niko umukuru w’igihugu yabivuze ku musi wa gatanu.Yemezako abo baganga batera akagere gatonya igihugu kandi ko co kizobatera umugere munini.
Umukuru w’igihugu avugako abo baganga birukira hanze iyo bari hose Imana ibacungishije ijisho kandi ko uko banka kuvura benewabo mu Burundi bazovyicuza “Ikindyohera ni kimwe,Uburundi bugiye gutera imbere mugihe birukira ibihugu vyateye imbere bazomaramara bagaruka bacanacanako ,jewe nohanura abaganga bariko baragenda co kimwe n’abashitseyo kugaruka ni ngoga tugatangurana kwubaka igihugu,kuko nibaza twagiteje imbere bizobagora".
Uyu yahoze ari umugwanyi wo mu bwoko bw’abahutu,igihe bavuga ko bashaka gutsimbataza demokarasi mu Burundi,avugako agaya mwen’abo baganga bahemukira igihugu cabigishije bakirukira ibihugu vyo hanze vyamaze gutera imbere bagasiga igihugu cabo .Umukuru w’igihugu avyita ‘’Inyatsi y’umudayimoni’’ Yongerako ati :"Iyo igihugu kigire gishike kw’iterambere,dayimoni nayo ica ikora cane kugira muje kw’iteranyuma ,kuko abantu bateye imbere bagira akanyamuneza n’urukundo mugihe dayimoni nayo idakunda ahari urukundo n’akanyamuneza n’igihe rero co kugaba no gukanura kuko uburundi bwegereje iterambere".
"Umukuru w’igihugu araswaganya mu kwizeza abarundi ibidashoboka"
Ivyo biruko mugihe bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu babonako ari za mvugo za politique zidigadiga umunyagihugu kugira ngo agume yizeye ko ejo hazoba haruta uyu musi . Umwe mubaharanira agateka ka zina muntu bakorera mu Burundi yaganiriye na Radio Peace Fm ,yagize ati : "Twebwe turi mu Burundi turabona ko imvugo y’umukuru w’igihugu itigera ijana n’ingiro ,ivyo vyose yadondagoye nta nakimwe yashitseko kandi nta nico azoshikako natahinduka.’’ yabivuze yanka ko n’izina ryiwe turishira muriyi nkuru.
Tukabibutsa ko gushika ubu hakivugwa ikibazo c’ubukene mu ngorane zihanze abarundi,bikaba vyatanguye kwibonekeza mu mwaka w’I 2015,aho haduka indyane za politique zikomoka ku kiringo ca gatatu umukuru w’igihugu wico gihe yanahavuye yitaba Imana ariwe Petero Nkurunziza izo ndyane nyene zanatumwe abarundi barenga ibihumbi amajana atanu bahunga igihugu baromoka gushika n’uyu musi .
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.