Burundi:Sahwanya FRODEBU yagiriza Manace Nzobonimpa kubomora ingoro z’umugambwe kandi ko bagiye ku mwitwarira.

Hari mu kiganiro cihariye umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Patrick Nkurunziza yahaye Radio Peace fm ijwi ry’urwaruka kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 nyakanga 2024 aho yemenyesheje ko uwinyegeje inyuma yibomagurwa ry’ingoro z’umugambwe Sahwanya FRODEBU ari uwo yahoze akomeye mu mugambwe CNDD-FDD.
"Umushingamateka Manace Nzobonimpa niwe yinyegeje inyuma y’agatotezo kaguma gakorerwa umugambwe Frodebu,bishikirizwa na Patrick Nkurunziza arongoye uwo mugambwe ,akaba abivuze inyuma yaho ingoro y’umugambwe Frodebu isamburiwe n’urwaruka rw’imbonerakure rutumwe na Musitanteri Nadine Nibitanga ,hamwe na Manace Nzobonimpa .
Bikaba vyabereye Ku mutumba Butembe, zone Butanuka , commune Mpanda intara ya Bubanza,ni mugihe abanywanyi ba Sahwanya FRODEBU bari mumyiteguro yo kwinjira iyo ngoro ku mugaragaro kur’uyu wa gatandatu uza w’igenekerezo rya 14 nyakanga 2024,bakavuga ko nubundi atakizobabuza.
Kubwa Patrick Nkurunziza,umugambwe Sahwanya FRODEBU ugiye gushengeza imbere y’ubutungane Nzobonimpa na Musitanteri Nadine Nibitanga kubera agatotezo bakorera abo batavuga rumwe .
Patrick Nkurunziza agira ati :"Manace baramwirukanye mu mugambwe uri k’ubutegetsi cndd-fdd, none ariko agerageza kwerekana ko ari igihangange gutyo bamusubize mu mugambwe ,tugiye kwitura ubutungane bumudukureko "niko yabwiye ijwi ry’urwaruka kuri mikro ya Joe Philbert arongoye iyo Radio .
Uyu mu nyepolitike yemezako ata kindi bazira atari kubahora ko basigaye bafise abanywanyi benshi mu ntara ya Bubanza "Nta kindi baduhora ataruko babona abanywanyi babo baguma babavako biyizira mu mu mugambwe wacu natwe tukabakira ,ishavu rikaniga ,bagaca bahitamwo gukoresha imbonerakure mugusambura ingoro zacu no kuzisiga amarangi bishakiye " niko uyu arongoye umugambwe washinzwe n’umukuru w’igihugu w’Umuhutu wa mbere yatsinze amatora Ndadaye abishikiriza .
Mu Burundi buri gihe iyo himirije amatora ,hama haca hatangura indyane mu banywanyi b’umugambwe uri k’ubutegetsi cndd-fdd nabo batavuga rumwe, ari navyo vyabaye mu mwaka 2015,aho umukuru w’igihugu wico gihe umuhisi Petero Nkurunziza yihagira ikiringo ca gatatu cakweze amabi menshi mu Burundi.
(0) Comments
Leave a Comment Your email address will not be published.