Gitega : Umukenyezi n’umwana wiwe w’uruyoya bafungiwe mw’ikontineri muri komine Bugendana

Uwo mukenyezi ariko arahohoterwa n’uruyoya rwiwe yitwa NIBIZI Goreth aba k’umutumba Cishwa,commune Bugendana mu ntara ya Gitega.Nkuko amasoko ya Radio Peace FM ijwi ry’urwaruka Aho I Bugendana abivuga,Ku Musi wa Gatanu w’indwi iheze igenekerezo rya 25/4/2025 abantu batamenyekanye basanze uwo mukenyezi muhira iwe Aho ngo barondera umugabo wiwe haheze amezi abiri agonze umwana munyuma akabura amahera yivujeko bivugwa ko arenga umuriyoni w’amarundi.

Mugihe uwo mugabo basanze yarahunze kukubura Ayo mahera,abo bantu baciy bafata uwo mukenyezi wiwe asanzwe Afise uruyoya bamujana kumufungira muri container yo kukirindiro c’aba polisi Kiri kumutoyi,uwundi mwana w’umucuko akaba yasigaye muhira.

Umukuru w’umutumba Cishwa amenyesha ko iryo fatwa ry’uwo mukenyezi ataryo Azi ariko ko agiye gukurikirana mpaka arenganuwe.Nayo abaharanira agateka kazina muntu biyamiriza iryo fatwa ridakurikije amateko,no gufungira abantu mubusho butazwi nko muma container.batera akamo Musitanteri n’umukuru w’igipolisi muri commune Bugendana kurenganira uwo mukenyezi,nyabuna ubutungane burondere uwakoze icaha.

Twobibutsa ko igitabo mpanavyaha c’uburundi gitegekanya mukigabane ca 4,agacé ka mbere mungingo ya 18 ko icaha gifata uwagikoze atawuhanirwa icaha ca Mugenzi we.